Skip to main content

[Rwanda Forum] Paul Rusesabagina Yageze muri Amerika

Paul Rusesabagina Yageze muri Amerika

Paul Rusesabagina Yageze muri Amerika

Paul Rusesabagina na Madamu we Taciana Rusesabagina

Paul Rusesabagina kuri uyu wa gatatu ni ho yashika muri Reta zunze ubumwe za Amerika, avuye muri Katari. Ni ho yabanje gushikira akirekurwa mu Rwanda. Iyi nkuru yatangajwe kuri uyu wa gatatu n'itororokanirizo ry'amakuru ry'Abanyamerika, Associated Press. Agiye kuzoca asubira kwiyunga n'umuryango wiwe, inyuma y'imyaka irenga ibiri yari amaze afunzwe, nkuko amakuru atangwa n'umuntu azi iyi dosiye abivuga.

Ugushika kwa Paul Rusesabagina muri Amerika vyari vyitezwe muri iyi ndwi. Uwuhagarariye ibikorwa vy'ubuhanuzi mu bijanye n'umutekano muri perezidanse ya Amerika, White House, John Kirby, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa mbere ko Rusesabagina yari i Doha, muri Katari kandi ashobora guca arangurura agaruka muri Amerika.

Umuntu abikurikiranira hafi, atashimye ko amazina yiwe agaragara, yavuze ko indege yazanye Rusesabagina yashitse mu gisagara ca Houston, muri reta ya Texas ejo kuwa gatatu, inyuma ya saa sita. Yavuze ko aca atwarwa mu bitaro vya gisirikare vyo mu gisagara ca San Antonio, muri iyo reta ya Texas nyene gusuzumwa amagara yiwe.

Umukobwa wiwe nawe nyene yavyemeje yanditse ubutumwa ku rubuga Twitter, avuga ko se yidegemvya, ubu ari i San Antonio. Muri ubwo butumwa yavuze kandi ko ashimiye uwo wese yagize uruhara ngo umuvyeyi wiwe atahuke mu rugo. Ati: uyu musi umuryango wacu wongeye guhuzwa.

Mu mwaka wa 2021, Rusesabagina yaciriwe gufungwa imyaka 25 mu Rwanda inyuma yo kwegekwako ivyaha umunani birimwo kuba mu murwi w'iterabwoba, kwica, no kunyuruza.

Mu ndwi iheze, reta y'u Rwanda yaramubohoye inyuma y'ibiganiro vya kidiporomasiya bifashijwemwo n'igihugu ca Katari na Reta zunze ubumwe z'Amerika. Umushikiranganji ajejwe imigendernaire y'Amerika, Antony Blinken, we ubwiwe yabigezemwo uruhara. (AP)



###
"Be courteous to all, but intimate with few; and let those few be well tried before you give them your confidence",
George Washington.
###

Comments

Popular posts from this blog

[Rwanda Forum] Bombori:Rwanda day yanyuma/Ibyo utumvise kandi utabonye/ba Matirida baramubeshye ngo ni "wow".

Bombori: Rwanda day yanyuma / Ibyo utumvise kandi utabonye / ba Matirida baramubeshye ngo ni "wow". https://youtu.be/MNRrDllvdg4?si=Zm86R0pbcGl6qZa5 ### "Be courteous to all, but intimate with few; and let those few be well tried before you give them your confidence", George Washington. ###

[Rwanda Forum] Who is Axel Muganwa Rudakubana, the butcher of Southport, UK?

   If Axel Muganwa Rudakubana had been a son of a Hutu, what would have been the news headlines in Kagame's mouthpiece tabloids? Since Axel Rudakubana's parents are Tutsi genocide survivors, and his father, Alphonse Rudakubana, is a nephew of Wellars Gasamagera, the Secretary General of Rwanda's ruling party - RPF, the tragedy that occurred in the UK has not been mentioned by any tabloids or news outlets in Rwanda. However, had Axel Muganwa Rudakubana been a child of a Hutu, or a child of a Tutsi opposition figure, we can all guess the type of headline that would have appeared in the tabloid controlled by Criminal Paul Kagame. But now, they remain silent on this despicable tragedy. FYI... ICYIHISHE INYUMA Y'UMUSORE W'UMUNYARWANDA WISHE ABANA BATATU MU BWONGEREZA. https://youtu.be/OuPMqdxYrvs?si=vF24-X-nZdIlDcNC ### "Be courteous to all, but intimate with few; and let those few be well tried before you give them your confidence", George Washington. ###