Skip to main content

[Rwanda Forum] Prezida Ndayishimiye: Abasaba Abategetsi Kureka Kudandaza Bagendera ku Nsaku

Prezida Ndayishimiye: Abasaba Abategetsi Kureka Kudandaza Bagendera ku Nsaku

Prezida Ndayishimiye: Abasaba Abategetsi Kureka Kudandaza Bagendera ku Nsaku

Prezida Evariste Ndayishimiye na Madamu wiwe bavuye kwimbura

Umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko amashirahamwe amusaba kubuza abategetsi urudandazwa ari ayakorera ku binyoma n'ayaguma yumviriza insaku z'abatama ba kera. Amenyesha ko atirengagije na gato kurwanya ibiturire mugabo ko yihereyeko atazoreka gukora ibintu akabishora ku masoko kugira yiteze imbere. Prezida Ndayishimiye ahamagarira ayo mashirahamwe nayo nyene kumufatirako akarorero mu kurima no kworora cane cane inkwavu. Ku bw'iwe ni yo nzira yonyene yo kurwanya ubukene n'iduzwa ry'ibiciro mu gihugu.

Prezida Ndayishimiye yashimye kwerekanira akababaro mu bikorwa vy'ihuriro ry'urwaruka vyabereye ku murwa mukuru wa poritike Gitega mu mpera z'indwi iheze. Ariko aganirira abakiri bato avuga ko ari bo ubu abonamwo umwizero kurusha izindi ndongozi agereranya n'abantu bazingamitswe n'imyumvire ya kera yo kurya igihugu no kuba ba sindabibazwa, umukuru w'igihugu c'Uburundi yishuye amashirahamwe yigenga amaze imisi amusaba kubuza abategetsi kuva mu rucuruzwa.

Yahagaze ahanini ku vyo umukuru w'ishirahamwe Olucome rigwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo yari yashikirije imisi mike imbere yaho ko mu bituma ibiciro bizimba, ubutunzi bw'Igihugu bukaguma bucumbagira harimwo ingeso yabaye ibisanzwe yo kureka abategetsi bagakora urucuruzwa ukuri kwamye.

Umukuru w'igihugu yagiriza Gabriel Rufyriri atwara Olucome n'abandi bameze nkawe bamusaba gutorera umuti ibibazo vy'ubuzima buzimvye kuja ku mabwire y'abantu bashaje ariko atavuga abo ari bo.

Kubwa Prezida Ndayishimiye abantu batarima canke ntiborore cane cane inkwavu ni bo batuma ibiciro biduga ku masoko.

Amwe mu mafoto ya Prezida Evariste Ndayishimiye avuye kwimbura mu mirima yiwe itandukanye
Amwe mu mafoto ya Prezida Evariste Ndayishimiye avuye kwimbura mu mirima yiwe itandukanye

Prezida Ndayishimiye yerekanye agashavu kiwe inyuma y'ukuvuga ko ata robine afise avomamwo amadolari n'igitoro, inyuma yo gusagirizwa n'ibisabo vy'Abarundi n'amashirahamwe mpuzamakungu amwamwe amusaba gutora umuti w'ikibazo c'amadolari cabaye ingorabahizi n'ibura ry'igitoro rimaze kwisubiriza incuro zirenga zitanu kuva mu mpera z'umwaka uheze honyene.

Uko biri kose, ibibazo bihanze intwaro yiwe mu gisata c'ubutunzi ni indiri muri kino gihe: Isukari Uburundi bwiyimburira bugahingura yabaye umuzi w'ibuye, abarimyi bamara umwaka bataronkejwe ifumbire nayo nyene ihingurwa mu Burundi kandi baba bayirihiye hejuru y'ibinyobwa vya Brarudi navyo nyene bikorerwa mu gihugu bitangwa ku mama naho nyene bikabukanywa mu gihugu amatohoza y'ikigega c'isi y'umwaka uheze yavuze ko gikenye kurusha ibindi kw'isi.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika

0:00 0:04:55



###
"Be courteous to all, but intimate with few; and let those few be well tried before you give them your confidence",
George Washington.
###

Comments

Popular posts from this blog

[Rwanda Forum] Who is Axel Muganwa Rudakubana, the butcher of Southport, UK?

   If Axel Muganwa Rudakubana had been a son of a Hutu, what would have been the news headlines in Kagame's mouthpiece tabloids? Since Axel Rudakubana's parents are Tutsi genocide survivors, and his father, Alphonse Rudakubana, is a nephew of Wellars Gasamagera, the Secretary General of Rwanda's ruling party - RPF, the tragedy that occurred in the UK has not been mentioned by any tabloids or news outlets in Rwanda. However, had Axel Muganwa Rudakubana been a child of a Hutu, or a child of a Tutsi opposition figure, we can all guess the type of headline that would have appeared in the tabloid controlled by Criminal Paul Kagame. But now, they remain silent on this despicable tragedy. FYI... ICYIHISHE INYUMA Y'UMUSORE W'UMUNYARWANDA WISHE ABANA BATATU MU BWONGEREZA. https://youtu.be/OuPMqdxYrvs?si=vF24-X-nZdIlDcNC ### "Be courteous to all, but intimate with few; and let those few be well tried before you give them your confidence", George Washington. ###

[Rwanda Forum] Bombori:Rwanda day yanyuma/Ibyo utumvise kandi utabonye/ba Matirida baramubeshye ngo ni "wow".

Bombori: Rwanda day yanyuma / Ibyo utumvise kandi utabonye / ba Matirida baramubeshye ngo ni "wow". https://youtu.be/MNRrDllvdg4?si=Zm86R0pbcGl6qZa5 ### "Be courteous to all, but intimate with few; and let those few be well tried before you give them your confidence", George Washington. ###